🔴 Imisi 70 yaraye irumanye Rabin na bagenziwe bafashwe n'inzego z'iperereza ry'Uburundi. Kugeza ubu nta gakuru kabo.
Bose hamwe bari batanu.
Bane bari baje bava mu Rwanda :
1. Dieudonné Niyukuri batazira Rabin
2. Eloi Nkurunziza
3. Venant Ndikumana
4. Fabrice Ribwirumutima
Bose bafatiwe mu Kirundo ku wa 29.8.2025. Imodoka zabo zibiri nazo zarafashwe.
Uwagatanu ni Bonaventure Nkuriyingoma, we imodoka yamupfanye mu nzira ariko aja mu Kirundo, maze aca aba arayikoresha i Gitega. Yafatiwe mw'ihoteri i Gitega, mu bucagucagu bwo ku wa 30.8.2025.
Ibimenyetso vyinshi vyerekana ko bacishijwe ku cicaro c'iperereza i Bujumbura, mu nyuma habonetse ifoto yabo bapfungiwe ku biro vy'iperereza mu Cibitoke. Guhera ubwo, nta gakuru kabo.
🔴 Umutego wubatswe na Lieutenant-Colonel Noël Banyiyezako
Amakuru dufise avuga ko umutego aba bantu baguyemwo wubatswe n'intwazangabo y'iperereza rya gisirikare yitwa Lieutenant-Colonel Noël Banyiyezako. Si ubwambere abikora. Kuva muri za 2018, Noël Banyiyezako yaravuzwe mu mitego myinshi aho yabesha abantu ko afise ibirwanisho agurisha, gutyo bikarangira anyuruje abantu bagiye kubitora, amamodoka yabo n'amafaranga yabo. Ivyo vyose yamye abikorana na Colonel Alexis Ndayikengurukiye batazira Nkoroka wo muri documentation (SNR).
Muri beniyo mitego yama akoresha bamwe mu bahoze mu gisirikare ca kera canke abandi bafatwa nk'abizerwa mu batavuga rumwe n'ubutegetsi. Mu gutega Rabin, hakoreshejwe uwitwa Alexis Hajayandi.
Vuba tuzobaha inkuru ijanye n'imitego Noël Banyiyezako ariko aratega abatari bake.
🔴 Agacerere mu nzego zose
Kuva bano bantu bafashwe, nta rwego na rumwe rw'igihugu ruragira ico rubivuzeko. Iyo ngendo irateye amakenga. Ubwo baracariho ?
Général-Major Ildephonse Habarurema arongoye SNR na Colonel Jean d'affaires Manairakiza atwara iperereza mu gisirikare (G2) nibo bategerezwa kuvuga iyo bano bantu bari.
Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH nawo nyene wahisemwo kunuma, nkuko wama ku bibazo vy'abanyuruzwa bakaburwa irengero ryabo.
🔴 Imisi 70 ni myinshi. Abantu naho bokwagirizwa amakosa ameze gute, amategeko y'Uburundi avuga ko bajanwa imbere y'ubutungane, bakisigura, maze bagiriye icaha bagahanwa nkuko amategeko abitegekanya. Uburundi bwoba bwarahagaritse kugengwa n'amategeko ? Leta ya CNDD-FDD yo yama idashobora kwubaha amategeko yishiriyeho ?
Burya guca iruhande y'amategeko iyo hageze guhana, abatwara baravyihendako cane, kubera bibaza ko bizofata abo banka gusa. Ariko iyo mbuto izokura, benshi mu batwara bazobona nabo bubashikako bicuze. Amategeko ariho ku neza ya twese. Niyubahirizwe. Agateka ka zina muntu nikubahwe kuri bose.
---------
Iruhande y'aba batanu, hari abandi banyuruzwa imbere be n'inyuma y'ifatwa rya Rabin. Boba bagirizwa kuvugana na Rabin. Tubandanya gusaba ko abo bose berekanwa iyo bapfungiwe.
Imiryango nayo izi ko abayo banyurujwe muri ayo mezi, tubandanya kuyisaba ngo idufashe gushira ahabona ayo makuru. Kunuma biha inguvu inzego zinyuruza Abarundi.